Intambara ya DR Congo: Inama nshingamateka ya Belgium yaraye yemeje integuro y'icemezo c'ibihano ku Rwanda

Facebook Twitter LinkedIn
Intambara ya DR Congo: Inama nshingamateka ya Belgium yaraye yemeje integuro y'icemezo c'ibihano ku Rwanda

Inama nshingamateka y'Ububirigi yaraye yemeje integuro y'icemezo isaba ko Urwanda rufatirwa ibihano vy'ubutunzi na gisirikare kubera uruhara rwarwo mu ndwano ibera mu buseruko bwa Republika ya Demokarasi ya Congo.

Integuro y'iki cemezo (Résolution ) kigizwe n'impapuro 11 yashikirijwe n'umushingamateka Mutyebere Ngoi, umubiligi yamuka muri Republika ya Demokarasi ya Congo, ava mu mugambwe w'Abasosiyalisti. Yemejwe n'abashingamateka bose bagize iyo nama nshingamateka y'Ububiligi.

Muri iyi nteguro y'icemezo ciswe ica 76, abashingamateka b'Ababirigi basaba cane cane ko amasezerano yo gufashanya hagati y'Urwanda n'Ububiligi yasinywe ku wa 19 ukwezi kwa kabiri 2024 yohagarikwa. Isaba kandi ko ugufashanya mu vya gisirikare n'Urwanda bihagarara.

Ikindi iyi nteguro isaba ni uko hoba ibihano vyo kubuza Urwanda gushorera mu mahanga ibiva mu butare no gufatira ibindi bihano abategetsi b'umuhari w'inyeshamba M23.

Isaba kandi Urwanda gukura abasirikare barwo muri Congo mu maguru masha, be n'uko imfashanyo ku bari mu kaga mu burere buri mu ntambara mu buseruko bwa Congo yonyaruka.

Umushingamateka Mutyebere Ngoi yateguye iki cemezo yabwiye BBC Gahuzamiryango ko kwemeza iyi nteguro bije kubuza Urwanda ico yise kuvogera ikindi gihugu.

"Ndizeye ko n'izindi nama nshingamateka z'ibihugu vya Bulaya bizofata ivyemezo nk'ibi kugira tugondoze Urwanda kuva muri Congo, ibihano bibaye vyinshi bizotuma Urwanda rugondozwa rugatahana abasirikare barwo bari muri Congo".

Iki cemezo c'inama nshingamateka y'Ububirigi kije inyuma y'uko reta y'Urwanda ifashe ingingo yo guhagarika ivyo gufashanya n'Ububirigi, aho Urwanda rwagiriza Ububirigi guhengamira ku ruhande rumwe mu bibera muri Congo.

Ubwongereza na bwo nyene buherutse gutangaza urutonde rw'ibihano bugiye gufatira Urwanda mu gihe ata ntambwe rwotera mu vyo rusabwa, harimwo "kuvana ingabo z'Urwanda ku butaka bwa DR Congo".

Urwanda ruragirizwa cane ko ari rwo rufatiye umuriro inyeshamba za M23 zimaze kwigarurira uturere tutari duke mu ntara za Kivu ya Ruguru na Kivu y'Epfo kuva zitanguje iyindi ntambara mu mpera za 2021, zivuga ko zirwanira uburenganzira bw'Abakongomani b'Abatutsi bavuga ururimi rw'ikinyarwanda hamwe n'izindi nkehwa.

Urwanda rwamye ruhakana ibi birego rwagirizwa na reta ya RD Congo, ibihugu bitari bike, amashirahamwe atari make harimwo Ubumwe bwa Bulaya n'ishirahamwe ONU, rworwo rukavuga ko rufata ingingo yo gukingira umutekano warwo.

Rwagiriza ahubwo reta ya Congo gufasha inyeshamba za FDLR zigizwe n'Abahutu zirwanya ubutegetsi bw'Urwanda, ivyo RD Congo yiyamiriza, ikavuga ko ari urwitwazo rwa Kigali kugira ngo ibandanye ubunyonozi bw'amatungo y'iki gihugu.

Reta ya Amerika nayo iherutse gufatira ibihano James Kabare yahoze ari intwazangabo mu gisirikare c'Urwanda kw'ipete rya jenerali - ubu akaba ari umushikiranganji ajejwe imigenderanire y'Urwanda n'akarere – ikaba imwagiriza ko ari we "ahagarariye ubufasha Urwanda ruha M23".

admin

admin

Content creator at LTD News. Passionate about delivering high-quality news and stories.

Comments

Leave a Comment

Be the first to comment on this article!
Loading...

Loading next article...

You've read all our articles!

Error loading more articles

loader